Uko wahagera

Burundi: Koloneri Ikurakure Yishwe Arashwe


Umusirikare w’ipete rya Liyetona Koloneli atwara batayo yitwa "Genie de Combats" yiciwe mu kigo c’ibiro bikuru vya gisirikare i Bujumbura.

Nk’uko vyemezwa na Majoro Clement Cimana, icegera c’umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Liyetona Koloneri Darius Ikurakure yishwe arashwe n’umuntu yambaye impuzu za gisirikare.

Uwamwishe yamusanze mu kigo c’ibiro bikuru vya gisirikare Etat major igihe abandi basirikare bahakorera bari mu karuhuko ko kumusase.

Gushikubu uwabikoze ntaramenyekana nk’uko bibandanya vyemezwa na Maj. Cimana yasomye itangazo ryasohowe n’umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto.

Kuva hatanguye kumvikana amasasu mu mwaka uheze mu ma karitiye amwamwe y’igisagara ca Bujumbura niho izina rya Liyetona Koloneri Darius Ikurakure ryamenyekana .

Yahora atwara akarere k’umutekano mu buraruko bw’umugwa mukuru Bujumbura.

Abatavuga rumwe na leta n’amashirahamwe yigenga baramwagirije kenshi ko ari mu ntwazangabo zihohotera agateka ka zina muntu n’inyuruzwa hamwe n’igandagurwa ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Kuva mu kwezi k’umunani umwaka w’i 2015 hishwe Général Adolphe Nshimirimana yigeze kurongora iperereza ry’Uburundi , Ikurakure abaye intwazangabo yo ku rwego rwo hejuru igira kane yiciwe ku mugwa mukuru Bujumbura.

I ruhande y’aba bane bagandaguwe bakiri mu mabanga hiyongerako Koloneli Jean Bikomagu yigeze kurongora ibiro bikuru vya gisirikare nawene yishwe mu kwezi k’umunani umwaka uheze.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:21 0:00

XS
SM
MD
LG