Uko wahagera

Cuba: Demokarasi n’Agateka ka Muntu Ntibiratera Imbere


Mu rugendo arimwo muri Cuba, Perezida wa Reta zunze Ubumwe z’Amerika Barack Obama arashima ko hari intambwe yatewe mu migenderanire hagati y' Amerika na Cuba.

Perezida Obama yamenyesheje ejo kuwa mbere ko ivyo bihugu hakiri ibintu bihambaye bitandukaniyeko. Ivyo ni imiterere ya demokarasi no kwubahiriza agateka ka muntu.

Mw’ijambo yashikirije, Perezida wa Cuba Castro yarashimye ko Amerika yemeye ko igiye kuraba ingene yotezurira Cuba ibihano yagifatiye muvy’ubudandaji hamwe n’ivyo guhagarika ingendo z’abategetsi.

Ivyo bihano bizokurwaho na kongre ya Amerika yiharijwe n’abo mu mugambwe w’aba Repubulika, bama bagaragaje ko bateye kubiri na politike za Obama harimwo n’ivyo gukuraho ibihano vy’ubutunzi vyafatiwe Cuba.

Perezida Castro ariko yasavye gusubizwa ubutaka Amerika yashizemwo ibohero rya Guantanamo.

XS
SM
MD
LG