Uko wahagera

Impunzi Zirabandanya Kugana mu Bugiriki


Impunzi zigwiriyemwo abanyasiriya bahunga intambara mu gihugu cabo zirabandanya gushikira mu gihugu c’Ubugiriki.

Ababonye igihe izo mpunzi zashika ejo kuwa mungu bamenyesha zaharurwa mu majana icenda kandi zigizwe n’abanyasiriya, abanya Iraki hamwe n’abo muri Afuganistani kandi ko zaje mu bwato.

Aho n’inyuma yaho Turukiya cemereye ibihugu vya buraya kwakira izo mpunzi mu masezeranyo bashizeko umukono k’umusi wa gatanu.

Abategetsi b’Ubugiriki bamenyesha ko basanze abagabo babiri b’abanyesiriya bapfiriye mur’ubwo bwato.

Umuryango utabara imbabare Croix Rouge nawo umenyesha ko hari izindi mpunzi 9 zatoye ibiziga ku nkengera za Libiya.

Amasezeranyo yasinywe hagati ya Turukiya n’ibihugu vya Buraya avuga ko impunzi zose zizokwinjira k’umugabane wa Burayi inyuma y’italiki 20 z’ukwezi kwa gatatu zizoca zisubizwa muri Turukiya.

XS
SM
MD
LG