Uko wahagera

Najim Laachraouli Akekwa mu Bitero vy'i Paris


Abashikirizamanza mu gihugu c’Ububiligi bamenye umuntu yikekwa kuba yakoranye na Salah Abdeslam yagirizwa mu bitero vyabaye mu gisagara ca Paris kw’italiki cumi na zitatu z’ukwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze.

Ibiro vy’’umuskirizamanza mukuru w’Ububiligi, bimenyesha ko Najim Laachraouli, afise imyaka mirongo ibiri n’ine, yagiye ku rubibe hagati y’ibihugu vya Autriche na Hongrie mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze ari kumwe na Salah Abdeslam, umuntu yikekwa bikomeye mu bitero vyo mu gisagara ca Paris mu gikorwa c’igipolisi cabaye mu gisagara ca Bruxelles mu ndwi iheze.

Abategetsi bavuga ko Laachraouli ADN yiwe yatowe mu nyubakwa yakorshejwe n’abagize ibitero vyo mu gisagara ca Paris yagodesheje akoresheje izina, Soufiane Kayale mu gisagara ca Auvelais mu gihugu c’Ububiligi. Laachraouli yaragiye kandi muri Siriya mu mwaka w’i 20013.

Abategetsi bariko barondera baramurondera hamwe na Mohamed Abrini, yabonywe ariko agendesha imodoka na Abdeslam imisi mikeyi imbere y’ibitero vy’i Paris.

Ibitero vyo kw’italiki 13 z’ukwezi kw’icumi na rimwe i Paris vyahitanye abantu 130, abandi barenga amajana atatu barakomereka.

XS
SM
MD
LG