Uko wahagera

Jean Pierre Bemba Yahamijwe Ibyaha by'Intambara


Jean-Pierre Bemba
Jean-Pierre Bemba

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yasanze Jean-Pierre Bemba yahoze ari icegera ca perezida muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo yagira ubwoko butanu bw’ivyaha vyo mu ngwano n’ivyaha bityoza agateka ka muntu.

Abacamanza batatu muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye, basanze ata numwe avuyemwo Bemba yagira ubwicanyi, gufata abapfasoni ku nguvu n’ugusahura vyagizwe n’abarwanyi biwe mu gihugu ca Centrafrique mu mwaka w’2002 n’umwaka w’2003.

Umuhari wa Bemba, MLC, wafashije inteko z’uwari prezida wa Centrafrique ico gihe, Ange-Felix Patasse kurwanya abarwanya ubutegetsi ico gihe.

Umucamanza, Silvia Steiner wo mu gihugu ca Brezil, yasomye urubanza rwa Bemba uno musi ku wa mbere, yatangaje kw’ivyemezo vyerekana neza kw’abarwanyi b’umuhari, MLC, bishe abasivile n’impaka muri Centrafrique . Asobnaura ko mu bishwe barimwo abapfasoni, abana n’abasaza.

Umucamanza Silva Steiner avuga ko Bemba yari afise ubutegetsi ku barwanyi biwe igihe cose, kandi ko yari azi kw’inteko ziwe zari ziteguriye gukora ubwicanyi bukabije.

Bemba yarahakanye ivyaha yagirizwa. Yari muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha igihe urubanza rwiwe rwasomwa.

Bemba, afise imyaka mirongo itanu n’itatu muri iki gihe, yahagaritswe mu gihugu c’Ububiligi mu kwezi kwa gatanu mu mwaka w’2008, ajanwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha mu kwezi kw’indwi.

Yigeze kuba umwe mu vyegera bine vy’umukuru w’igihugu muri Republika iharanira demorasi ya Kongo kuva mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2003 n’umwaka w’i 2006.

Yahunze Kongo mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 2007 inyuma yuko abakingiura ubuzima bwiwe batanye mu mitwe n’inteko za Reta.

XS
SM
MD
LG