Igipolisi c’igihugu ca Republika ya Kongo carateye ivyuka bikoroza amosozi abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na reta inyuma yaho amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ejo kuwa mungu arangiriye.
Abapolisi isinzi bitwaje ibirwanisho bikomeye barashwiragije abantu bari hanze y’ibiro vyose vy’amatora vyo ku murwa mukuru Brazavile, aho ni mugihe hari hatanguye iharurwa ry’amajwi.
Ayo matora aha amahirwe Perezida Denis Sassou Nguesso amaze imyaka itari mike k’ubutegetsi.
Mugihe yotsinda yoba agiye kurongora igihugu mu kiringo kigira gatatu.
Mu kwezi kwa cumi kurangiye, Perezida Sasou Nguesso, yarahinduye ibwirizwa shingiro, akuraho ibiringo bibiri vyari bitegekanijwe abishira kuri bitatu, aca kandi ashiramwo ko uwifuza kwitoza gutwara ighugu atoba arenza imyaka 70 y’amavuko.
Ico gihe abatavugarumwe nawe bariyamirije iryo hindurwa ry’ibwirizwa nshingiro ariko munyuma ryaruhiwe kwemezwa.