Uko wahagera

Kameruni: Abagizwe Imbohe na Boko Haram Babohojwe


FILE - Cameroon soldiers stand guard at a lookout post as they take part in operations against the Islamic extremists group Boko Haram.
FILE - Cameroon soldiers stand guard at a lookout post as they take part in operations against the Islamic extremists group Boko Haram.

Abasirikare ba Kameruni bafadikanije n’aba Nijeriya barabohoje abantu baharurwa mu majana bari bagizwe imbohe n’abarwanyi ba Boko Haram.

Abo bantu barimwo abakobwa n’abagore bari barongowe ku nguvu n’abagwanyi ba Boko Haram, abandi bagirwa abaja mu bikorwa vy’ubusambanyi.

Babohojwe mu gitero cakozwe mu gisagara Achigachia ca Kameruni.

Igihugu ca Kameruni catangaje ko abo bakobwa n’abagore kigiye kubashikiriza abahinga b’ibisata vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bikurikirana ingwara zo mu mutwe kugira babasuzume.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko Umugwi wa Boko Haram mu kiringo c’imyaka itandatu umaze wiha inkumbi umaze kwica abantu bashika ibihumbo 20 abashika imiliyoni zibiri n’igice barata ingo zabo.

XS
SM
MD
LG