Abategetsi b’igihugu ca Misiri bamenyesha ko umugwi w’intagondwa wa Reta ya Kiyisilamu wishe abapolisi ba Misiri bashika 13 mu ntara ya Sinayi ejo kuwa gatandatu.
Umushikiranganji wa Misiri w’intwaro yo hagati amenyesha ko intagondwa za Reta ya Kiyisilamu zaturikije ibombe mu kibanza co gusuzumiramwo imidoka imbere yuko zirengana kumurwa mukuru El-Arish mu buraruko bw’intara ya Sinayi.
Umugwi wa Reta ya Kiyisilamu wiyemereye ko umwihevyi wawo ariwe yaturikije ico kibombe ari mu modoka.
Intara ya Sinayi yari imaze imyaka itari mike irimwo abarwanyi b’aba Isilamu. Bagiye gukomera mu mwaka w’2013 inyuma yaho habereye imigumuko kumugwa mukuru Kayiro no mu bindi bice vy’igihugu, imigumuko yatumye Perezida Mohammed Morsi ava k’ubutegetsi.
Mu kwezi kwa cumi umwaka uheze abo barwanyi nyene bariyemereye ko aribo barashe indege y’Uburusiya mur’iyo ntara ya Sinayi, hapfa abashika 224.