Uko wahagera

Angola: Inyonko Yarahitanye Abatari Bake


Polio em Angola Ameaça Países Vizinhos - OMS
Polio em Angola Ameaça Países Vizinhos - OMS

Igisata ca ONU cita kumagara y’abantu OMS, kimenyesha ko abantu bashika 146 bamaze gupfa muri Angola bahitanywe n’ikiza c’ingwara y’inyonko.

Abashika 885 nabo bararwaye.

Umuhinga wa OMS akurikirana ingwara y’inyonko Sergio Yactayo aheruka m’urugendo muri Angola amenyesha ko ico gitigiri gishobora kuba kirenga.

Ico kiza c’inyonko catanguye kwibonekeza cane kumugwa mukuru wa Angola Luanda kuva mu ntango z’ukwezi kwa cumi na kabiri, umwaka uheze.

OMS imenyesha ko camaze no gutandukiriye mu zindi ntara indwi zo muri Angola hamwe no mu bihugu bibanyi vya Republika iharanira Demokarasi ya Kongo na Kenya.

OMS itera akamo amakungu gufasha kugira haboneke uburyo bw’amafaranga akwiye yo gutunganya isekeza ryo gucandaga abanyagihugu mu ntumbero yo guhagarika ico kiza.

OMS imenyesha ko umubu utera iyo nyonko ari nawo itera umugera wa Zika.

XS
SM
MD
LG