Uko wahagera

Ububirigi: Salah Abdeslam Yarafashwe


Salah Abdeslam
Salah Abdeslam

Igipolisi c’Ububirigi kimenyesha ko cafashe Salah Abdeslam ari kw’isonga ry’abateguye ibitero vy’iterabwoba vyabereye I Paris mu Bufaransa italiki 13 z’ukwezi kwa cumi na kumwe umwaka uheze wa 2015.

Abatagetsi b’Ububirigi bamenyesha ko Salah Ab-des-lam yafashwe n’igipolisi c’Ububirigi mu gitero cabaye ejo kuwa gatanu mu gace ka Molenbeek I Buruseli k’umurwa mukuru w’Ububirigi.

Igipolisi carafashe kandi abandi bantu batatu bo mu muryango wari wamuhishije.

Abategetsi b’Ubufaransa n’Ububirigi barishima kubona bakoreye hamwe kugira bamufate ariko bamenyesha ko atawoshira agati muryinyo kuko hakiri abahiga kugira ibindi bitero vy’iterabwoba.

Perezida w’igihugu c’Ubufaransa Francois Hollande yamenyesheje ko igihugu ciwe gishobora kurungika umutahe usaba ko Salah Abdeslam arungikwa mu Bufaransa gucirirwayo urubanza.

Salah Abdeslam yari amaze amezi ane aronderwa n’igipolisi c’Ububirigi gifatanije n’Ubufaransa.

XS
SM
MD
LG