Uko wahagera

Burundi: Nta Yindi Nzira Atari Ibiganiro


Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon yaraciriye ku mayange inama y’urwego rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi ku vyerekeye urugendo aherutse kugira mu Burundi.

Yabweiye iyo nama ko muri urwo rugendo yasavye impande zose zegwa n’ikibazo c’Uburundi kwibuka icirwa co muri kahise k’igihugu cabo, bakerekana ukwiyemeza ku biganiro atawe bikumira nk’uburyo bwonyene bw’ugutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi biciye mu mahoro.

Ban Ki-moon avuga ko ku butumire bwiwe, abanyepolitike bakomeye, bo muri Reta, mu mugambwe uri ku butegetsi n’imigamwe itavuga rumwe na Reta bicaye hamwe nawe kugira baganire kazoza k’igihugu.

Atangaza kw’ata na kimwe cobuza abanyepolitike kubandanya muri iyo nzira.

Ban Ki-moon avuga kw’abanyepolitike bategerezwa kugira ubutwari bukenewe kugira batanuze umugambi nyakuri w’ibiganiro, bakubaka kazoza aho Abarundi bashobora gusubira kubana kandi mu mahoro, bagakoresha uburenganzira ngenderwako bwabo.

Yabwiye prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza kw’amakungu yiteguriye gufata mu mugongo Abarundi mu gutuma ibiganiro nyakuri, vyizigiwe kandi atawe bikumira bitera bigira intambwe.

Mu Rugendo rwiwe, Ban Kimoon yarerekanye impungenge zikomeye ku kutekano muke uri mu Burundi.

Yerekanye kw’atewe amakenga ko ubwicanyi bushobora gutuma igihugu gisubira mu ngwano.

Yasavye Reta y’Uburundi gufata ingingo zigenewe guhagarika ubwicanyi bubandanya, n’umuco w’ukudahana utuma ubwo bwicanyi buba.

Yatangaje ko Reta yamuhumurije kw’ibintu bitera bisubira mu buryo buhoro buhoro.

Yamara Ban Ki-moon avuga ko mu Manama yagiranye n’abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’imigambwe itavuga rumwe na Reta berekanye ibintu ukundi. Bamubwiye ivyagirizo biteye agahinda vy’ubwicanyi bubandanya n’ityozwa ry’agateka ka muntu, harimwo amabi akorerwa abapfasoni n’abana.

Amenyesha kw’ivyo atawobisabirako, kw’abakoze amabi nkayo bategetezwa kuyabazwa.

Naho abategetsi b’Uburundi bamuhumurije kw’impunzi zifuza gutahuka, kandi zimwe zimaze gutangura gutaha, igitigiri kihari muri iki gihe c’impunzi cerekana ubwoba Abarundi bafise ku bwicanyi n’ugutera ubwoba abanyagihugu bibandanya.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon amenyesha kw’ishirahamwe O-N-U rizobandanya gukorana na Reta y’Uburundi kugira intamb we ziboneka zifatwe mu mugambi w’ugutuma agateka ka muntu kubahirizwa kurushiriza, abegwa n’ikibazo c’Uburundi nabo bashira ishaka ryabo mu biganiro vy’ukuri kandi atawe bikumira.

Amenyesha kw’ata yindi nzira ihari atari ibiganiro ku vyerekeye gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi.

XS
SM
MD
LG