Uko wahagera

Nijeri: Igitero ca Boko Haram mu Buraruko


Abapolisi batatu bishwe mu gitero ku nteko zijwejwe umutekano hafi y’urubibe n’ibihugu vya Nijeriya, Burukina Faso na Mali.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’igihugu ca Nijeriya bwashikirije itangazo skuri teleziziyo ya reta ejo ku musi wa kane.

Colonel Ledru Moustapha yamenyesheje muri iryo tangazo kw’ico gitero cagizwe n’abantu baje ku mapikip[iki no mw’ikamyonete ya Toyota.

Mu gitero c’imbere yaho, abasirikare bane b’igihugu ca Nijeri barakomeretse, abihevyi bari bafise amabome baricwa ku musi wa gatatu mu mutego wabereye mu ntara ya Diffa. Abategetsi bagiriza umurwi Boko Haram.

Ivyo bitero bibaye gatoyi imbere yuko abanyagihugu baja mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu muri Nijeri ku musi w’Imana.

XS
SM
MD
LG