Uko wahagera

Inyubakwa z'Ubudagi Zugawe muri Turkiya


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubudagi, Frank-Walter Steinmeier
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubudagi, Frank-Walter Steinmeier

Inyubakwa n’amashule y’abaserukira igihugu c’Ubudagi vyari vyugaye uno musi ku wa kane ku mpamvu z’umutekano.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, i Berlin, umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubudagi, Frank-Walter Steinmeier, yatangaje kw’abajejwe umutekano baronse amakuru yizigiwe ku gitero gishobora kuba.

Ivyo bikaba vyatumye Ambasade ku murwa mukuru Ankara, Consulat mu gisagara ca Istambul n’amashule y’Abadagi muri ivyo bisagara bibiri.

Iyo ngingo yari ikwiriye kugira ikingire Abadagi.

Frank-Walter Steinmeier avuga ko Ubudagi buruko butorokanya ayandi makuru ku kugene umutekano wifashe mu gihugu ca Turkiya.

Arashima ukugene igipolisi ca Turkiya cakoranye nabo.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanikre bw’Ubudagi busaba Abadagi kwirinda kuja mu nyubakwa z’abaserukira ibihugu vyabo muri Turkiya n’ukwubahiriza impanuro ku vyerekeye gutembera mu misi iri imbere.

Ivyatangajwe n’Ubudagi vyabaye mu gihe u murwi w’abarwanyi ukorana n’umurwi, Kurdistan Workers Party mu ncamake, PKK wiyitiriye uno musi ku wa kane igitero ca bombe yari yatezwe mu modoka c’umwihevyi cagizwe ku murwa mukuru wa Turkiya, Ankara cahitanye abantu mirongo itatu n’indwi.

XS
SM
MD
LG