Abantu mu bihugu vyo muri Afurika bitari bike, harimwo Uburundi, Benin, u Rwanda, Gineya, Liberiya, Tanzaniya, Madagascar na Togo nibo bantu ba nyuma kw’isi batanezewe n’ukuntu babayehoku bwa raporo y’ukugene abantu banezewe n’ubuzima kw’isi yo mu mwaka w’2016.
Iyo raporo yaravye amafranga abantu baronka ku giti cabo ku mwaka, ikiringo bababo, ruswa, ukugene bafashwa n’ubwigenge bwabo bw’uguhitamwo ibintu mu buzima nk’ibimenyetso vy’ukunezerwa n’ukuntu babayeho.
Ikiza ca Ebola cihaye inkumbi mu gihugu ca Liberiya caragize uruhara mu gutuma ico gihugu kiza mu bihugu vya nyuma kw’isi ku kugene abantu batanezerewe n’ukuntu babayeho. Ruswa muri reta ibandanya kuba intambamyi kw’iterambere ry’akarere vka Afrika.
Danemark nico gihugu kiza ubwa mbere ku rugero abantu banezerewe n’ukugene babayeho. Ico gihugu gikwirikirwa n’Ubusuwisi.
Ibindi bihugu cumi biza imbere y’ibindi ku vyerekeye ukugene abanyagihugu banezewe n’ukugene babayeho na Iceland, Norvege, Finlande, Canada, Ubuholande, Nouvelle Zelande, Australiya n’Ubusweda.