Uko wahagera

USA: Ubwicanyi bwa Reta ya Kiyisilamu ni Ihonyabwoko


John Kerry ni Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe z'Amerika
John Kerry ni Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe z'Amerika

Sekereteri wa leta wa Leta zunze ubumwe z'Amerika John Kerry, amenyesha kw’abona ubwicanyi bukabije bwakozwe n’umurwi w’intagondwa witwa Reta ya Kiyisilamu ari ihonyabwoko.

Ivyo John Kerry yabitangaje uno musi ku wa kane. Akaba yubahirije ikiringo ntarengwako cashizweho n’inama nshingamateka c’italiki 17 z’ukwezi kwa gatatu cuko reta ya Prezida Obama ifata ingingo ku bwicanyi bukabije bwakozwe n’umurwi witwa Reta ya Kiyisilamu ku ku mirwi y’amadini n’ubwoko vy’inkehwa muri Iraki na Siriya.

Ku musi wa gatatu John Kerry yari yatangaje ko reta y'Amerika itari kwubahiriza ico kiringo ntarengwako.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa reta zunze ubumwe z'Amerika bwatangaje ko kwemera kw’ihonyabwoko canke ivyaha bityoza agateka ka muntu vyabaye mu kindi gihugu atari ngombwa ko vyotuma hari ingingo kanaka Amerika yofata.

Yamara kwita ivyo vyaha ihonyabwoko vyogira ingaruka zimwe zimwe ku migambi ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ubwa nyuma deparitoma ya reta y'Amerika yatangaje ko habaye ihonyabwoko hari mu mwaka w’2014, igihe baha ubwicanyi bukanije n’ugufata abapfasoni ikivunga mu ntara ya Darfour muri Sudani.

XS
SM
MD
LG