Uko wahagera

USA: Marco Rubio Yavuye mw'Ihiganwa rya Perezida


Muri Amerika Umukandida mu baharanira ikibanza c’Umukuru w’igihugu mu mugambwe w’aba Republika Senateri Marco Rubio yamuka muri Reta ya Florida yatangaje ko akuye akarenge mur’iryo higanwa.

Muri Amerika, umukandida mu baharanira ikibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’Abarepublika Senateri Marco Rubio yatangaje ko akuye akarenge mur’iryo higanwa.

Senateri Rubio ukomoka muri reta ya Florida yasezeye inyuma yaho hasohokeye ibiharuro mu matora y’ijonjora yabaye kur’uyu wa kabiri mu ma reta ya Karolina ya Ruguru, Florida, Ohio, Illinois, na Missouri. Amatora yerekanye ko ataco yaharonkeye.

Marco Rubio abaye uwa kabiri avuye mu'ayo matora mur'uyo mugambwe w'Abarepublika inyuma ya guverineri wa reta ya New Jersey Chris Christie aheruka gukuramwo akarenge.

Rubio atangaza ko biboneka ko atari ubugombe bw’Imana kugira atsindire gutwara Amerika mur’uyu mwaka w’2016.

Mur’ayo matora, mu mugambwe w’aba Republika Umugwizatunga yikorera utwiwe Donald Trump niwe akiri imbere mur’uyo mugambwe, yatsinze mu ma reta ya Karorina y’amaja ruguru, Florida, Illinoyi.

Mu ba Demokrate Hillary Clinton aza kw’isonga, yatsinze mu ma reta ya Karorina y’amaja ruguru, Florida, Ohio na Ilinoyi.

XS
SM
MD
LG