Uko wahagera

Mozambike: Abanyagihugu Barahunga Imigwano

Muri Mozambike, Igisata ca ONU cita ku mpunzi HCR kimenyesha ko imigwano iriko irahuza abasirikare ba Reta ya Mozambike n’abayirwanya ituma ibitigiri vy’abanyagihugu bahungira muri Malawi vyiyongera.

Muri Mozambike, Igisata ca ONU cita ku mpunzi HCR kimenyesha ko imigwano iriko irahuza abasirikare ba Reta ya Mozambike n’abayirwanya ituma ibitigiri vy’abanyagihugu bahungira muri Malawi vyiyongera.

Ishirahamwe HCR rimenyesha ko abanya Mozambika bashika ibihumbi 11,500 bamaze guhungira muri Malawi kuva hagati y’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Impunzi nshasha mur’iki gihe zishikira mu gace kitwa Kapise, ku bilometero 100 mu bumanuko bw’umugwa mukuru wa Malawi Lilongwe.

Abakurikiranira hafi ibibera muri Mozambike bamenyesha ko ibiriko biraba mur’iki gihe vyerekana ko ico gihugu gishobora kwongera kuja mu ntambara hagati y’abenegihugu.

Intambara yabaye kuva mu mwaka w’1977 gushika mu mwaka w’1992 yahitanye abanyagihugu barenga ibihumbi 200, abashika imiliyoni zibiri bata izabo bamwe bahungira hagati mu gihugu abandi hanze yaco.

XS
SM
MD
LG