Uko wahagera

Cuba: Amerika Yanaguye Imigenderanire na Cuba


Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zasubiye kugaragaza kwongera kunagura imigenderanire hagati ya Amerika n’igihugu ca Cuba.

Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zasubiye kugaragaza kwongera kunagura imigenderanire hagati ya Amerika n’igihugu ca Cuba.

Mw’itangazo ryashohowe n’ibiro vya Perezida Obama ejo kuwa kabiri rimenyesha ko abanyamerika bipfuza kuja muri Cuba gukarisha ubwenge kubijanye n’amashure bashobora kugenda.

Abanyagihugu ba Cuba nabo nyene bipfuza kuza gukora muri Amerika bugururiwe imiryango.

Reta ya Amerika yagabanije kandi inzitizi mubijanye n’imigenderanire muvy’urudandazwa, kugira ubwiyunge hagati y’ivyo bihugu bibiri butere imbere.

Iyo ingingo ifashwe mugihe Perezida wa Amerika Barack Obama agiye kugendera Cuba mu ndwi iza.

XS
SM
MD
LG