Uko wahagera

Perezida Obama Aritegura Kugendera Cuba


Perezidansi y'Amerika yasubiye gufata ingingo zorohereza Abanyamerika bagendera mu gihugu ca Cuba, zongera ziraha ico gihugu, ubundi burenganzira ku mabanki hamwe no ku mashirahamwe yo muri Amerika ajejwe ibigega.

Izo ngingo nshasha zifashwe hasigaye imisi mikeyi ngo Perezida Barack Obama agendere igihugu ca Cuba. Obama azoba abaye umuperezida wa mbere wa reta zunze ubumwe z'Amerika, agendeye igihugu ca Cuba, mu myaka 90 irangiye.

Ivyo bihugu uko ari bibiri, vyaramaze imyaka ishika 50 biraban’ ayingwe, inyuma y’aho Fidel Castro yahoze atwara ico gihugu, akuriye perezida yar’arashigikiwe na reta zunze ubumwe z'Amerika, yatwaza igitugu, Fulgence Batista.

Perezida Obama na Raul Castro wa Cuba, avukana na Fidel Castro, basubiye kwunga imigenderanire y’ibihugu vyabo mu mwaka w’2014, mu nyuma haraheza hafatwa ingingo zo gufuta inzitizi ku budandanji hagati y’ivyo bihugu, maze ivyo bihugu biraheza vyugurura ambasade zavyo.

Bitegekanijwe ko mur’uyu mwaka kandi, indege zitwara abantu n’ibintu zo muri Reta zunze ubumwe za amerika, zizotangura kugira uruja n’uruza hagati y’ivyo bihugu.

Reta zunze ubumwe z'Amerika zari zaratanze uburenganzira bwo kugendera mu gihugu ca Cuba ku bantu bamwe bamwe. Ariko ingingo yafashwe ku wakabiri, izotuma abanyagihugu bo mur’ivyo bihugu uko ari bibiri, bagenderanira, ata nkomanzi.

XS
SM
MD
LG