Uko wahagera

Somaliya: Al-Shabab Yinjiye Mu Mpisho


Muri Somaliya, abanyagihugu baba mugice co hagati ca Somaliya bamenyesha ko babonye abarwanyi bafise ibirwanisho bikomeye bakekwa kuba aba al-Shabab binjira ku nkengera z’igisagara cabo mu nyuma batana mu mitwe n’iyindi mihari y’abarwanyi.
Abanyagihugu batashimye kwivuga amazina kubwo gutinya kwicwa babwiye ijwi ry’Amerika ko abo barwanyi ba al-shabab baje n’ubwato binjira mu gisagara ca Gara'ad kiri ku blometero 280 mu buraruko bushira ubuseruko bw’intara ya Galkayo. Abo banyagihugu bamenyesha ko bataramenya ico abo barwanyi batumbereye gukora.

Abategetsi b’intara ya Puntland yo muri Somaliya ari nabo bagenzura ako karere ka Gara'ad ntibashoboye kugira ico bashikirije kuko uburyo bwo gutumatumanako amakuru al-shabab yabuciye.

XS
SM
MD
LG