Uko wahagera

Siriya: Abasirikare b’Uburusiya Barasubira Iwabo


Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin yaratanze itegeko ryo gukura abasirikare b’Uburusiya mu gihugu ca Siriya.

Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin yaratanze itegeko ryo gukura abasirikare b’Uburusiya mu gihugu ca Siriya.

Ivyo vyashikirijwe n’ikinyamakuru ca reta y’Uburusiya aho kimenyesha ko Perezida Putin yatangaje ko igikorwa cari cabajanye muri Siriya carangiye.

Amakuru atangwa na reta y’Uburusiya avuga ko Putin yavuganye na Perezida wa Siriya Bashar al-Assad kuri telephone bumvikana ko Uburusiya bugiye gukurayo igice kinini c’abasirikare barwanira mu kirere bari muri Siriya.

Amakuru atangwa na reta ya Siriya amenyesha ko Assad yemeye iryo vanwa ry’abo basirikare mu gihugu ciwe ariko yongerako ko Uburusiya butagiye gukurayo abasirikare babwo bose.

XS
SM
MD
LG