Uko wahagera

Uburusiya: Putin Yategetse Ikurwa ry'Inteko muri Siriya


Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin
Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin

Itangazamakuru ry’Uburusiya ryasubiyemwo Putin abwira umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Sergei Shoigu n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Sergie Lavrov, kw’ibikorwa ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi bwari bujejwe muri Siriya bwabishitseko.

Prezida Putin yatangaje ko kuva ku musi wa kabiri, Uburusiya buzotangura gukura igice kinini c’abasirikare babwo muri Siriya.

Ikibanza ca internet ca Reta casubiyemwo prezida Putin abwira prezida wa Siriya, Bashar al-Assad mu kiganiro kw’itelefone ko yemeye gukura igice kinini c’inteko zigwanira mu kirere zikorera muri Siriya muri iki gihe.

Yamara umutegetsi umwe w’Umunyamerika yabwiye Ijwi rya Amerika ko gushika ubu ata kimeneyetso cuko inteko z’Uburusiya ziriko ziritegurira kuva muri Siriya.

Ibiro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche, vyatangaje kw’ata makuru bafise ku vyerekeye ikurwa ry’inteko z’Uburusiya muri Siriya, kandi ko bitoroshe kumenya ukugene ivyo bizohindura uko ibintu vyifashe muri Siriya.

XS
SM
MD
LG