Uko wahagera

USA: Abanyamerika Barasubira Kugendera Uburundi


Amerika imenyesha kw’imiryango y’abakorera reta zunze ubumwe z’Amerika mu Burundi, co kimwe n’abandi bakozi badakenewe cane basubira mu Burundi.

Reta zunzubumwe z’Amerika imenyesha kw’imiryango y’abakorera reta zunze ubumwe z’Amerika mu Burundi, co kimwe n’abandi bakozi badakenewe cane basubira mu Burundi.

Iyi ngingo ije ikuraho iyari yarafashwe itariki 13 y’ukwezi kwa cumi na kabiri, umwaka w’2015 yasaba iyo miryango nyene kuva mu Burundi bivanye n’amakenga kumutekano wabo.

Ni mu rwandiko yasohoye ejo kuwa gatanu italiki 11 z’uku kwezi kwa gatatu.

Amerika imenyesha ko abana batarashikana imyaka 18 hamwe n’imiryango y’abakorera Amerika badafise imirimo bakorera Amerika ntibemerewe gusubira mu Burundi.

Abanyamerika bipfuza kuja mu Burundi basabwa gukurikirana ibivugwa mu binyamakuru, gukurikirana ibirangamisi vy’indege zija mu Burundi no kuraba amakuru atangwa na Ambasade ya Amerika mu Burundi ajanye n’umutekano babicishije k’urubuga rwa internet.

Abakozi ba Ambasade basabwa kudatembera hanze y’igisagara ca Bujumbura mu masaha y’akagoroba kandi birinde kuja mu makaratiye ya Kamenge, Musaga, Ngagara, Mutakura, Cibitoke na Nyakabiga.

XS
SM
MD
LG