Uko wahagera

USA: Nancy Reagan Yashyinguwe muri Califoruniya


Abanyepolitike bakomeye, abamenyeshamakuru n’abaririmvyi bahuriye uno musi ku wa gatanu mu gisagara ca Simi Valley, muri reta ya Califonriya. Bose baje usezera Nancy Reagan umupfasoni wa nyakwigendera Perezida Ronald Reagan.

Nancy Reagan yitavye Imana ku musi w’Imana uheze afise imyaka mirongo icenda n’ine.

Abashitsi barimwo umupfasoni wa Perezida wa Reta zunze ubumwe z' Amerika, Michelle Obama, George W. Bush yahoze ari perezida n’umupfasoni wiwe, Laura Bush na Hillary Clinton yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire. Barimo kandi Arnold Schwarzenegger yahoze ari bulamatari w’intara ya Californiya, n’abamenyeshamakuru batari bake bakwirikiranye Reagan n’umupfasoni wiwe , n’abakinyi b’amasinema batari bake.

Bane ku bapfasoni batanu b’abahoze ari abaprezida, n’ukuvuga Laura Bush, Hillary Clinton, na Rosalynn Carter, umupfasoni wa Jimmy Carter bazoba bari mu baje gusezera Nancy Reagan.

Amadarapo ya Reta y'Amerika yamanuwe kugera hagati inyuma yuko amakuru yerekeye urupfu rwa Nancy Reagan amenyekanye ku musi w’Imana uheze, azoguma amanuwe gushika ku muhingamwo w’uno musi ku wa gatanu, ikimenyetso c’ukwerekana ukwubaha uwahoze ari umupfasoni wa prezida.

Azoshingurwa iruhande y’umutambukanyi wiwe mu nyubakwa y’iragi rya Perezida Ronald Reagan mu gisagara ca Simi Valley muri reta ya Californiya.

XS
SM
MD
LG