Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka muntu bitangaza ko reta y’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko yishe, ifata abapfasoni ku nguvu yongera igahura ikuvunga abasivile mu gihe yariko itana mu mitwe n’abarwanya ubutegetsi mu ngwano muri ico gihugu.
Icegeranyo gishasha casohotse uno musi ku wa gatanu, gitangaza kw’impande zose mu ngwano muri Sudani yo mu bumanuko zakoze ubwicanyi bukabije bw’ikuvunga ku basivile. Yamara reta niyo ifise uruhara rukomeye cane mu mwaka w’2015 mu gihe inguvu z’abarwanya reta zariko zitera zigabanuka.
Ico cegeranyo kiravuga kw’ityozwa ry’agateka ka muntu ryabaye incuro zitari nke. Urugero rw’ugufata abapfasoni ku nguvu birateye agahinda kurushiriza.
Hagati y’ukwezi kwa kane n’ukwezi kw’icenda, mu mwaka w’2015, ishirahamwe ONU ryatohoje dosiye y’abapfasoni igihumbi n’amajana atatu bafashwe ku nguvu muri imwe mu ntara cumi zigize Sudani yo mu bumanuko.
Amakuru yizigiwe yerekana kw’imirwi ikorana na Reta irekurirwa gufata abapfasosni ku nguvu, yamara abarwanya Reta n’imirwi y’inkozi z’ikibi nayo nyene irafata ku nguvu abapfasoni n’abigeme.
Raporo y’ibiro vy’ishirahamwe ONU bijejwe agateka ka muntu irimwo amakuru avuga kw’abasivile babonwako bashigikiye abatavuga rumwe na Reta baturirwa, baraswa, bamanikwa ku biti canke bagatemagurwa.