Uko wahagera

Burundi: Kunywanisha Abarundi Bitanguriye muri Kaminuza


Umusi w'Ubumwe mu Burundi
Umusi w'Ubumwe mu Burundi

Umugwi w’ukumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi uvuga ko watanguriye isekeza ry’ugusigura ibikorwa vyawo mu ma kaminuza. Gushikubu abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi ibigo vy’i Bujumbura na Gitega hamwe na kaminuza yigenga y’i Ngozi nibo bamaze gusigurirwa.

N’ubwo umugwi CVR wamaze kuja ku kivi nta tegeko rikingira abahuye n’amabi canke ivyabona riarajaho. Ariko uwo mugwi urahumuriza ko mu misi mike rizoba ryaroyeho.

Umukuru wa CVR yizeza abarundi n’amakungu, hari abatanyurwa na gato. Charles Nditije umukuru w’umugambwe Uprona utemewe n’ubutegetsi ari muribo. Mbere mu mwaka w’i 2014 ahinama nshingamateka yemeza integuro y’itegeko rishinga uwo mugwi we na bagenzi web o muri Uprona n’abo mu mugambwe Frodebu Nyakuri bari basohotse. Nditije amenyesha kandi ko iki kitari igihe c’ugushiraho umugwi w’ukumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi.

Mu mugwi CVR ho bafise iciyumviro gitandukanye rwose n’icumukuru w’umugambwe Uprona utemewe n’ubutegetsi. Gushikubu intambamyi umugwi CVR wemera ko iboneka n’uburyo budakwiye.

Umugwi w’ukumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi ugizwe n’abakomiseri 11. Batandatu bava mu bwoko bw’abahutu, bane n’abatutsi ,umwe nawe akaba ava mu bwoko bw’abatwa. Umunyabanga mukuru w’uwo mugwi yemeza ko n’abarundi bahunze igihugu canke ababa mu mahanga bazobazwa ku vyabaye kugira baterere ico babiziko.

Uwu mugwi wemeranijwe mu masezerano ya Arusha uzogira amatohoza ku mabi yakozwe hagati y’umwaka w’i 1962 kuva Uburundi bw’ikukira n’umwaka w’i 2008 ahumugwi wa nyuma wagawana ariwo fnl wemera guhagarika intambara.

Ku musi wa gatanu w’indwi iheze niho umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yatanguza ibikorwa nyezina vy’uwo mugwi.

XS
SM
MD
LG