Uko wahagera

Burundi: Guverinoma Ihakana Imva Rusangi


Leta y’Uburundi irahakana ko ata binogo rusangi vyahambwemwo abishwe kw’igenekerezo rya 11 ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze.

Ivyo biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika Valentin Bagorikunda. Iryo tangazo ryerekeye amatohoza yakozwe ku bijanye n’igitero c’abitwaje ibigwanisho ku makambi ya gisirikare kw’igenekerezo rya 11 ukwezi kwa 12 mu mwaka wa 2015.

Leta y’Uburundi ibicishije ku mushikiramanza kizigenza wayo yaciye Igena umurwi ujejwe gukora amatohoza. Uwo nawo uza warangije igikorwa war’ujejwe. Icegeranyo c’uwo murwi cerekana ko abishwe mu gihe c’iyo ngwano bari abagwanyi. Ariko ko hatamenyekanye izina ry’umurwi wabo n’abawushinze. .

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika arabeshuza abagirije inzego za Leta ko zagandaguye abanyagihugu bagaheza bagahambwa mu kivunga. Adoma agatoke umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka na Amnisty international . Ayo mashirahamwe akayagiriza kuba aterekanye ikinogo rusangi co ku mutakura abitwaje ibigwaniho Umushikirizamanza Bagorikunda avuga ko bica bagatamwo abatemera ibikorwa vyabo.

Mur’ico cegeranyo kandi havugwamwo abagwanyi 8 bishwe muri komine Mukike y’intara ya Bujumbura. Hari kur’iryo genekerzo nyene rya 11 ukwezi kwa 12 muri 2015 . Abo nabo bari bahagaritswe bagirizwa kuba bari mu bateye ikambi y’i Mujejuru iri muri komine Mugongomanga. Umushikirizamanza wa Repubulika ashikirizako abo bahavuye batorwa ibiziga bukeye . Ivyo rero bikaba bigiye kubazwa abari bahagarariye umutekano mur'ako gace.

Mu ntambara zabaye kw’igenekerezo rya 11 ukwezi kwa 12 mu mwaka uheze wa 2015; amatohoza yakozwe n’umurwi washinzwe n’umushingantahe Bagorikunda yerekana ko haphuye abagwanyi 79; abasirikare 4 n’abapolisi 4.

Abagwanyi bagera kuri 87 nabo barafatwa harimwo umwe yakomeretse. Ico cegeranyo kikavuga ko abo bafashwe bapfungiwe mw’ibohero ry’I Muramvya.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Evariste Nzikobanyanka ni we wakurikiranye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:00 0:00

XS
SM
MD
LG