Uko wahagera

Tenisi: Sharapova Yakoresheje Ibiyobyabwenge


Umukinyi w’umurusiyakazi akomeye mu rukino rwa tenisi, Maria Sharapova amenyesha kw’igipimo cerekanye ko yafashe umuti uziririjwe mu kwezi kwa mbere mu gihe c’ihiganwa rya tenisi rya Australian Open.

Amenyesha ko vyavuye ku muti yari amaze imyaka cumi afata ku mpamvu z’amagara yiwe.

Sharapova yabwiye abamenyeshamakuru mu gisagara ca Los Angeles ejo ku musi wa mbere kw’ibiro bijejwe kurwanya gufata imiti yongereza inguvu ku banonotsi kw’isi, World Anti-Doping Agency.

Sharapova avuga ko ataravye ubutumwa bwa email bwavuga kw’iziririzwa ry’uwo muti imbere yuko afata uwo muti.

Kubera yarenze ku ngingo iziririza itatwa ry’uwo muti ku banonotsi, Maria Sharapova afise muri iki gihe imyaka mirongo ibiri n’umunani akaba amaze gustinda amahiganwa akomeye cane ya tennis incuro zitanu agiye kuba araziririjwe mu mahinganwa ya tennis vy’agateganyo n’ishirahahamwe ry’urukino rwa tennis kw’isi, International Tennis Federation.

Ivyo bishobora kuzotuma adashobora kuja guhiganwa mu nkino mpuzamakungu za Olempike zo mu gisagara ca Rio de Janeiro.

Amashirahamwe yahora akorana na Sharapova nk’ishirahamwe rikora ibirato n’impuzi z’abanonotsi, Nike, yatangaje ko ahagaritse gukorana nawe.

Sharapova avuga ko yakozez ikosa rikomeye, ko yahemukiye abafana biwe n’urukino rwa tenisi.

XS
SM
MD
LG