Uko wahagera

Tuniziya: Abantu 50 Bahitanwe n'Igitero cy'Intagondwa


Perezida wa Tuniziya Beji Caid Essebsi amenyesha ko igihugu ciwe kiri mu ntambara n’abo yise abicanyi.

Ivyo yabivuze ejo kuwa mbere inyuma y’igitero c’abarwanyi b’abayisilamu cabereye mu gisagara ca Ben Guerdan cahitanye abantu bashika 53.

Ico gitero cabereye hafi y’urubibe Tuniziya gihana na Libiya cari gitumbereye ibituro vy’igipolisi n’abasirikare.

Perezida Essebsi Amanyesha kandi ko ico gitero cari categuwe neza kandi cari gitumbereye kwigarurira ako karere cabereyemwo

Abategetsi ba Tuniziya bamenyesha ko abasirikare bashika cumi basize ubuzima mur’iyo mirwano, hamwe n’abarwanyi 35 hamwe n’aba sivile 7.

Uko gutana mu mitwe kugize kabiri kubereye k’urubibe kandi bibaye mugihe igihugu c’Ubwongereza cariko kiritegura kuringika abahanuzi b’abasirikare mu ntumbero yo gucungera ako karere kari ku rubibe.


XS
SM
MD
LG