Uko wahagera

Amerika Izatanga Amakuru ku Bitero bya za Drone


Reta zunze ubumwe z’Amerika yemeye ko igiye gushira ahabona amakuru yerekeye ibitero vyakozwe n’indege zayo zitagira abaderevu (drones)ku mirwi y’iterabwoba.

Aho n’inyuma yaho hari abanegura ikoreshwa ry’izo ndege bavuga ko zoba zibasira abasivile.

Umuhanuzi mu biro vya perezida Obama ajejwe ivyo guhangana n’iterabwoba Lisa Monaco yamenyesheje ejo kuwa mbere ko Reta ya Amerika igiye gushira ahabona mundwi ziri imbere amakuru y’abo izo ndege zahitanye baba abarwanyi canke aba sivile mu bitero vyakozwe kuva mu mwaka w’2009.

Abategetsi b'Amerika bamenyesha ko ayo makuru atazoba yerekeye ibitero vyo guhasha iterabwoba bibera muri Iraki, Siriya na Aufganisitani, amenyesha ko ivyo bice biriko biberamwo intambara zikomeye.

Nayo umuvugizi mubiro vya perezida Josh Earnest yabwiye abanyamakuru ejo kuwa mbere ko ivyo biri mu ntumbero y’ivyo perezida Obama yiyemeje ko azoshira ahabona ivyo reta yiwe ikora.

Amakuru atangwa n’ikinyamakuru Long War Journal gikorera muri Amerika amenyesha ko kuva mu mwaka wa 2006 izo ndege za drone zagavye ibitero 389 muri Pakistani, bihitana indongozi z’imigwi y’intagondwa 2,797 n’abasiviles 158.

Muri Yemeni kuva mu mwaka wa 2002, drone zagavye ibitero 135 vyahitanye abarwanyi baharurwa ku 657 hamwe n’abasivile 105.

XS
SM
MD
LG