Uko wahagera

Ba Al-Shabab 150 Baguye mu Gitero cy'Amerika


Reta zunze ubumwe z’Amerika yarateye inkambi yo kwimenyerezamwo y’abarwanyi ba Al Shabab muri Somaliya.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna umwansi muri Amerika bumenyesha ko ico gitero cagabwe n’indege cahitana abarwanyi ba al -Shabab bashika 150 ku musi wa gatandatu.

Umumenyeshamakuru w’ijwi ry'Amerika mubiro vya Pentagoni Carla Babb amenyesha ko ico gitero catumbereye inkambi yo kwimenyerezamwo ya al-Shabab yarimwo abarwanyi bashika 200 iri mu gisagara ca Raso, ku bilometero 190 mu buraruko bwa Mogadishu.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika kapitene Jeff Davis amenyesha ko Amerika yari imaze indwi zitari nke ikurikirana ibibera mur’iyo nkambi kandi ko abo barwanyi bariko bahabwa imyimenyerezo yo kugaba ibitero bihitana abantu benshi.

Uyu muvugizi amenyesha ko bari mu kurangiza iyo myimenyerezo, ati ico gitero cakozwe kugira ntibaronke akaryo ko gushira mungiro ivyo bari bize.

Gushikubu, na makuru yuko hari aba sivile boba basize ubuzima mur’ico gitero

XS
SM
MD
LG