Uko wahagera

Osama bin Laden Yasigiye Jihad za Miliyoni


Hari inzandiko zireba Osama bin Laden zatangajwe uyu musi kuwa kabiri. Uwo bin Laden ni uwahaye itegeko abagwanyi b’umugwi wa al-Qaida kugira igitero kuri Reta zunze ubumwe z’Amerika mu mwaka wi 2001 kigahitana abantu 3000. Mu nzandiko ziwe zo kuraga, bin laden yanditse ko yari afise amatungo angana hafi ama milliyoni 29 z’amadolari, agasaba kw’igice kinini cayo cokoreshwa mu ntambara ntagatifu yo kugwanira Allah. Iyi ni intambara bita Jihad.

Kuri uno musi wa kabiri, Reta zunze ubumwe z’Amerika yasohoye zimwe murizo nzandiko ziri muri zishika kw’ 113 zafatiwe mu rugo rwa bin Laden ahitwa Abbottabad muri Pakistan. Abasirikare babanyamerika babaComando nivbo bazifashe igihe bamwica mugitero bagize haciye imyaka itanu.

Izo nzandiko zanditswe mucarabu zagashigwa mururimi rw’icongereza, zibitswe kubiro vy’iperereza rya Reta zunze ubumwe z'Amerika. Muri ibyo biro kandi ni naho habitswe ikindi gice c’izo zandiko zavuyemwo amakuru yatangaje kw’abasirikare b'Amerika bakuye bin Laden mugace kaho yari yihishirije n’umugore wiwe, abana biwe, n’abandi bantu bo mumuryango wiwe. Reta zunze ubumwe z'Amerika imenyesha ko igiye gushira ahabona izindi nzandiko za Osama Bin Laden muri uwu mwaka.

Inzandiko zitari nke, nyinshi murizo zanditswe na bin Laden hagati y’umwaka wi 2009-2011, zerekana ko bin Laden yari afise imyaka 54 igihe yicwa. Izo nzandiko kandi zivuga ko yagumana ubwoba bw’uko Amerika izoteba ikamenya aho ari, ibibwiwe n’abantu ikoresha muburyo bw’iperereza rigigwa mumugwi w’abagwanyi ba al-Qaida, canke ikoresheje indege zitagira abaderevu.

Amerika yashobora kandi kumenya aho ari ikoresha ubuhinga bwa none butuma bamenya aho kintu canke umuntu ariwe wese ari umwanya uwariwe wese.

XS
SM
MD
LG