Uko wahagera

Iraki: ISIS Yagabye Ibitero 2 muri Baghdad


Umugwi w’intagondwa za Reta ya Kiyisilamu waraye uguze ibitero vy’ubwihevyi mu burengero kimwe no mubuseruko bw’iumugwa mukuru wa Baghdad, ejo ku musi wa mungu, bica abantu batari bake.

Abihevyi batatu bafise amabombe n’umwe afise inkoho bagize igitero bari mukiduga kinini gitwara imizigo ahitwa Abu Ghraidb kubirometero 25 uja muburengero bw’igisagara ca Baghdad.

Inyuma y’amasaha make, uwo mugwi w’intagondwa wagize ibindi bitero bibiri muburaruko bushira ubuseruko bwa Baghdad mukigwati c’abayisilamu baba Shiite ahitwa Sadr City, bica abantu bagera kur 24.

Umukuru w’abaShiite Moqtada al Sadr asaba abayoboke biwe kwiyamiriza reta ya Baghdad.

Ababa mugace ka Baghdad kabamwo abanyamahanga, ahari ibiro vya za ambassade n’ibiro bitari bike vy’abanyamahanga kumwe n’abategetsi ba reta ya Iraq, haciye hatangazwa ibihe bidasanzwe, abahaba baragabishwa

XS
SM
MD
LG