Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Riek Machar Azatahuka Juba


Umukuru w’abarwanya reta ya Sudani y’epfo Riek Machar yaremereye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon ko yiteguye gusubira kumurwa mukuru Juba mu kwezi kwa gatatu kuza gufata ikibanza ciwe c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Mu kiganiro yahaye n’ijwi ry'Amerika ejo ku musi wa kane nyene, Riek Machar amenyesha ko akirindiriye ko intambwe ya mbere yo gutegura ibijanye n’umutekano irangira imbere yuko asubira I Juba nkuko bitegekanijwe mu masezerano y’amahoro bashizeko umukono.

Ban Ki-moon yipfuza kumenya igihe Machar azosubirira I Juba kurahira mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kugira hanyarutswe ishingwa rya reta y’ubumwe mfatakibanza.

Iyo reta igamije kurangiza intambara no kugarukana amahoro mur’ico gihugu gishasha cavutse kw’isi.

Machar amenyesha ko Ban Ki-moon yemeye gufasha mw’ishirwa mu ngiro ry’ayo masezerano. Ivyo yabimenyesheje inyuma yaho uwo mutegetsi mukuru wa ONU abonaniye na Perezida Salva Kiir wa Sudani y’epfo ejo kuwa kane.

XS
SM
MD
LG