Uko wahagera

Burundi: Abayobozi b'Afurika Barondera Amahoro

Perezida Pierre Nkurunziza
Perezida Pierre Nkurunziza

Abakuru b’ibihugu na guverinoma batanu bari mu rugendo rw’imisi ibiri mu Burundi kugira batorere umuti ingorane ziri murico gihugu. Izo ntumwa zirongowe n’umukuru w’igihugu c’Afurika y’epfo Jacob Zuma.

Umushikiranganji wiwe w’imigenderanire yabwiye abamenyeshamakuru ko abo bayobozi baje kwumvisha abafise uruhara bose mu kurondera amahoro ko bategerezwa gukora ibishoboka vyose kugira abarundi babe mu mahoro n’iterambere.

Reta y’Uburundi yo ivuga ko ibiganiro vyugururiwe bose kiretse abafashe ibigwanisho. Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza ni we yakurikiranye iyi nkuru.

This item is part of
XS
SM
MD
LG