Uko wahagera

Burundi: INTERPOL Ntizafata Leonard Nyangoma


Reta y'Uburundi izasaba INTERPOL, polisi mpuzamakungu, kudafata bamwe mu banyapolitiki yashakishaga. Umushirizamanza kizigenza wa Repubulika mu Burundi yasokoye imitahe y’abantu 15 bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’ugushaka guhirika ubutegetsi.

Iyo mitahe iri mw’ikete yandikiye komiseri mukuru w’igipolisi amusaba nawene gusokora imitahe yarungitse mu gipolisi mpuzamakungu ca Interpol.

Muribo harimwo Leonard Nyangoma atwara urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na reta, Piyo Ntavyohanyuma yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka na Gervais Rufyikiri yahoze ari icegera ca kabiri ca Perezida Petero Nkurunziza.

Abandi banyepolitike berekewe n’iyo ngingo ni Marina Barampama yigeze kuba icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba ubu ari umunyamabanga nshingwabikorwa w’umugambwe UPD zigamibanga umwe muyitavuga rumwe na Leta ukaba uri no mu runani Cnared , Aimé Nkurunziza yahoze ari umushingamateka wa CNDD FDD yari yatowe mu ntara ya cibitoke mu burengero bw’Uburundi hamwe n’umushingamateka Oscar Ndayiziga yahoze atwara mbere intara ya Muramvya hagati mu gihugu c’Uburundi. Uwu aheruka gupfira mu buhungiro mu gihugu kibanyi c’u Rwanda ku musi wa gatatu w’iyi ndwi.

Abo mu mashirahamwe yigenga nabo ni christine Nkurunziza atwara ishirahamwe rikurikiranira hagufi amatora COSOME nawene ari mu buhungiro muriki gihe na Christophe Sebudandi yigeze gutwara ishirahamwe rikurikiranira hafi ibikorwa vya Leta OAG ubu akaba yakora mu rwego ruraba ingene abanyepolitike batakaza canke baduza amajwi mu banyagihugu « sondage » mu gifaransa.

Abandi barimwo bahoze mu bisata vya reta nko mu biro vy’umuhuza w’abarundi no mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu hamwe n’umumenyeshamakuru umwe. Uwo nawe ni Antoine Kaburahe atwara ikinyamakuru IWACU.

Abo bose, umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika avuga ko imvo zatuma barondezwa zitakihari. Valentin Bagorikunda agirako asaba komeseri mukuru w’igipolisi gusokora imitahe y’abo bantu mu gisata c’igipolisi mpuzamakungu Interpol.

Abantu barenga 40 nibo bari basohorewe imitahe n’umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika y’uguhagarikwa n’igipolisi mpuzamakungu ca Interpol aho bari hose kw’isi. Mbere yari yasavye ubutungane bw’ibihugu vyose barimwo kubacira imanza canke bukabarungika mu Burundi. Abo bantu bagizwe n’abasirikare, abapolisi, abanyepôlitike, abo mu mashirahamwe yigenga, n’abamenyeshamakuru.

Ubutungane bw’Uburudi bwabagiriza ko bagize uruhara mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Nkurunziza reta yise imigumuko n’uko bagize uruhara mw’igerageza ry’ugushaka guhirika ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu umwaka uheze.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:41 0:00

XS
SM
MD
LG