Uko wahagera

Libiya: Ikambi ya Reta ya Kiyisilamu Yatewe


Sabratha, Libiya
Sabratha, Libiya

Indege z’ingwano za Reta zunze ubumwe z'Amerika zagize, uno musi ku wa gatanu, igitero kw’ikambi igirirwamwo imyimenyerezo y’umurwi w’intagondwa witwa, Reta ya Kiyisilamu, mu burengero bw’igihugu ca Libiya. Aho ni hafi y’urubibe n’igihugu ca Tuniziya.

Ico gitero cahitanye abagira iterabwoba batari bake bariko barinjizwa mu murwi w’intagondwa witwa Reta ya Kiyisilamu.

Abategetsi bajejwe kwivuna abansi I Washington, batangaje kw’ico gitero c’indege z’ingwano gishobora kuba cahitanye umutegetsi akomeye w’umurwi w’intagondwa witwa Reta ya Kiyisilamu, Noureddine Chouchane, avuga ko yagize uruhara mu bitero bibiri bikomeye vy’abagira iterabwoba cabeye mu gihugu ca Tuniziya mu mpera z’umwaka uheze, ku nyubakwa ndangamicoku murwa mukuru, Tunis no mu kibanza kigenderwa n’ingenzi hanze y’umurwa mukuru, ibitero vyahitanye abantu mirongo itandatu.

Igitero c’indege z’ingwano z'Amerika cabaye imbere y’amasaha yo mu bucagucagu cahitanye abantu mirongo ine.

Benshi mu bishwe babonwa ko ari abariko binjizwa mu murwi w’intagondwa witwa, Reta ya Kiyisilamu.

XS
SM
MD
LG