Uko wahagera

Burundi: Kugarura Igihano cy'Urupfu


Abo bashikiranganji ukwari batatu biriwe imbere y’abashingamateka babazwa ku bibazo bitandukanye vyo mu bisata barongoye. Ico gikorwa kikaba cariko gicishwa ikibiriraho kuri radiyo na televiziyo vy’igihugu.

Umushikiranganji w’ukwivuna abansi yishuye ku bibazo bitari bike harimwo icokorwa kugirango abasirikare ntibasubire kwiyumvira gushikira ubutegetsi muri kudeta. Imbere y’abahingamateka yavuze ko umwe mu miti arugusubizaho igihano co gupfa.

Umushikiranganji Ntahomvukiye yanemeje ko hari intwazangabo imwe imaze kwankirwa kuja mu gikorwa c’ukugarukana amahoro mu gihugu ca Santarafurika igarukanwa mu gihugu n’izindi zitatu zirindiriye gutahuka. Avuga ko aba basirikare babeshewe n’abashaka guacanishamwo inzego z’umutekano babagiriza ko bakoze ivyaha vy’uguhohotera abantu n’ubwicanyi.Umushikiranganji w’ukwivuna abansi yari kumwe na bagenzi we b’imigenderanire y’ Uburundi n’ayandi makungu hamwe n’uwumutekano.

Umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni yabwiye abatowe n’abenegihugu ko mu mwaka w’i 2015 hafashwe ibigwanisho bitandukanye harimwo ibikoho binini binini 22, inkoho zisanzwe 643, gerenade 851 n’amabombe 14.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:01 0:00

Aba bashikiranganji bahamagawe mu nama nshingamateka mu gihe havugwa ibibazo vy’umutekano muke mu Burundi.

Umutekano muke watanguye kwibonekeza inyuma yaho Perezida Nkurunziza afatiyingingo y’ukwitoza ku ncuro ya gatatu hari mu kwezi kwa kane umwaka uheze, agatsinda amatora abatavuga rumwe n’umugamwe uri ku butegetsi bayisokoyemwo.

Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cerekana ko abantu bagera ku bihumbi 240 bamaze guhungira mu bihugu bibanyi kuvico gihe nayabagera ku 500 baricwa.

Mu rukurikirane rw’ugutorera umuti indyane ziri mu Burundi , umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon yitezwe mu rugendo rw’imisi ibiri kuva ku wa mbere w’indwi iza

XS
SM
MD
LG