Uko wahagera

Bujumbura: Bane Bakomerekejwe na Gerenade


Aha ni mu Nyakabiga mu kwezi kwa 12 umwaka ushize.
Aha ni mu Nyakabiga mu kwezi kwa 12 umwaka ushize.

Abantu bane bakomeretse cane abatari bake barakomereka bukebuke mu gitero ca gerenade cabereye mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Icegera c’umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi aremeza ayo makuru akamenyesha ko abasore babiri bakekwa ko bari mu bateye iyo gerenade bafashwe ku ,vo z’amatohoza.

Ico gitero ca gerenade cabereye muri karitsiye ya gatandatu mu Ngagara , ku rubibe iyo zone ihana na kamenge . Aho naho ni ku gituro c’amabus y’ishirahamwe OTRACO yunguruza abantu abatwara mu ntara zo hagati no mu buraruko bw’igihugu. Iyo gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zibiri zo mu gitondo c’uno wa gatatu.

Ico gitero catumye hakomereka cane abantu bane bari mu bashaka kuduga ruguru. Amakuru yemezwa n’icegera c’Umuvugizi w’igipolisi c’igihugu Moise Nkurunziza. Igipolisi canyarutse kuhashika gica gifata abantu babiri. Umwe muri bo afatanwa iyindi gerenade nk’uko icegera c’umuvugizi w’igpolisi yabibwiye ijwi ry’Amerika.

Mu bafashwe harimwo uwuzwi kw’izina rya Ndayishimiye Eric aba mu Nyakabiga. Igihe yafatwa yar’ari kw’ipikipiki . Abaryango biwe basaba ko yorekurwa kuko yariko arirenganira kandi ko ivyabaye ataruhara yabigizemwo nkuko bivugwa n’uno mwigeme bavukana.

Ico gitero ca gerenade kibaye inyuma y’ibitero bitanu vyabaye ku musi wa mbere w’ino ndwi nyene mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bitero vyahitanye umwana umwe n’abandi 32 bakomertse.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:35 0:00

XS
SM
MD
LG