Uko wahagera

Uganda: Besigye Ashobora Guhinyuza Museveni?


Abakandida mu gihugu ca Uganda bagize amakoraniro ya nyuma uno musi ku wa kabiri imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu n’amatora y’abashingamateka.

Abatora bazohitamwo ku musi wa kane nimba bazoha Perezida Yoweri Museveni ikiringo kigira gatanu, canke bagatora umukandida atavuga rumwe na reta. Batoye umukandida utari Museveni, buzoba bubaye ubwa mbere Uganda ironka umutegetsi mushasha kuva mu mwaka wa 1986.

Museveni yafashe ubutegetsi muri kudeta. Nyuma yakoresheje amatora, ayatsinda n’amajwi menshi cane mu 2006 no mu 2011. Abakwirikirana politiki ya Uganda bavuga ko Museveni yaranzwe n’ugutera ubwoba imigambwe itavuga rumwe na reta ye.

Ku musi wa mbere, igipolisi ca Uganda carataye mu mvuto umukandida atavuga rumwe na reta, Kizza Besigye, igihe yariko yiyamamaza ku murwa mukuru, Kampala. Ivyabona bavuga igipolisi carashe imyuka ibabaza mu maso ku bantu bari aho Besigye yariko yiyamamariza.

Yapfungiwe ubwa mbere ku murwa mukuru, Kampala, yamara smu nyuma yaho yajanywe mu kindi kibanza hanze y’umurwa mukuru imbere yuko arekurwa.

Icegera c’umutegetsi mukuru w’igipolisi ca Uganda yagirije Besigye ko yarenze ku mategeko agenga igikorwa c’ukwiyamamaza.

Inyuma yuko arekuwe, abamushyigikiye n’igipolisi barahanganye ku murwa mukuru Kampala igihe bari barindiye ko ashikiriza ijambo kuri kaminuza ya Makerere. Bamwe mu bamushigikiye barateye amabuye igipolisi cishuye n’imyuka ibabaza mu maso kugira kibashwiragaize.

XS
SM
MD
LG