Mu gitondo co kuruyu wa kabiri, igipolisi cazindutse gishira mu ngiro iyo ngingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura .
Nta pikipiki n’imwe atari iyifise iparati ndanga pikipiki ya Leta yari yemerewe kurengana ibiraro bihuza amazone y’ubumanuko, uburaruko no mu gisagara hagati aho ipikipiki zitacemerewe kuja.
Bamwe mu bagendesha amapikipiki bavuganye n’ijwi ry'Amerika bavuga ko iyo ngingo ari agahotoro. Ibivugwa n’aba bashoferi b’amapikipiki byunganirwa na Pascal Kwizera arongoye ishirahamwe rya bene amapikipiki. Eka n’abasanzwe biyunguruza bakoresheje ama pikipiki akidogo bemeza ko agahombo ari kose.
Iruhande y’abagendesha amapikipiki aca amafaranga n’abagenderako, ahri n’abgendesha amapikipiki mu buzi bwabo bwa misi yose. N’abo nyene bavuga ko iyo ngingo yabakozeko.
Imbere y’uko iyi ngingo ifatwa, leta yari yasavye bene amapikipiki kuyasigisha irangi bivanye n’ikomine nyenipikipiki abamwo. Ico gihe hari mu kwezi kw’icumi umwaka uheze.
Mu gisagara ca Bujumbura hari amapikipiki acishwa amafaranga ari hagati y’i 300 n’i 5000. Ibi bitigiri bishobora kuba birenga kuko hari ayakora atanditswe n’ababijejwe.
Ipikipiki imwe ahiraye ku ma station canke ibindi bibanza iriha amafaranga 500, nayabazoza amapikipiki imwe bakayogereza igihumbi