Uko wahagera

RCA: Abanyasantrafurika mu Matora ya Perezida


Ababarura amajwi y'itora mu murwa mukuru Bangui (14/02/2016)
Ababarura amajwi y'itora mu murwa mukuru Bangui (14/02/2016)

Abanyagihugu ba Santrafrika ejo ku musi wa mungu bazindukiye mu matora y’igice ca kabiri y’umukuru w’igihugu.

Abakandida babiri Anicet Georges Dologuele na Faustin Archange Touadera bahoze ari abashikiranganji ba mbere mur’ico gihugu nibo bariko bahiganirwa ico kibanza.

Bose uko ari babiri bemerera abanyagihugu ko bazozana amahoro n’umutekano mur’ico gihugu kimaze imyaka irenga ibiri mu ntambara.

Mur’ayo matora abanyagihugu baratoye n’abashingamateka inyuma yaho sentare nkuru yo mur’ico gihugu ihakaniye ivyavuye mu matora yabaye mu kwezi kwa cumi na kabiri kuko yabayemwo utunenge.

Abatsinda ayo matora bazosubirira reta mfatakibanza yashizweho mu mwaka wa 2014.

Mu matora yabaye italiki 30 z’ukwezi kwa cumi na kabiri nta numwe mur ‘abo ba kandida yakwije amajwi amuha uburenganzira bwo gutsinda.

XS
SM
MD
LG