Uko wahagera

Uganda: Amatora Yitezwe Ku Musi Wa Kane


Umunyapolitike atavuga rumwe na reta ya Uganda, Kizza Besigye
Umunyapolitike atavuga rumwe na reta ya Uganda, Kizza Besigye

Azoba abaye amatora agira gatatu akoreshejwe mu gihugu cose, kuva aho ico gihugu gifatiye inzira ya demokrasi mu mwaka w’2005.

President Yoweri Museveni hamwe n’umugambwe wiwe, NRM yaratsinze amatora yo mu mwaka w’2006 hamwe n’amatora yo mu mwaka w’2011, afise amajwi menshi. Ico gihe, abantu bihweza ibintu n’ibindi bavuze kw’ayo matora yari yabayemwo amahinyu menshi kandi ko n’abakuru b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, bari batewe ubwoba.

President Yoweri Museveni afise imyaka 71, atwara igihugu ca Uganda kuva afashe ubutegetsi muri coup d’Etat mu mwaka w’1986

abanyapolitike bakomeye bazohinganwa nawe mur’uyu mwaka, n’umunyapolitike abimazemwo igihe kirekire cane, Kizza Besigye hamwe na Amama Mbabazi, yahoze ar’umushikiranganji wa mbere.

Mu kiringo cabo co kwiyamamaza , abapolisi barashwiragije akatari gake, abantu bariko barabumviriza.

Mu bibazo bishikirizwa mur’iki gihe, harimwo ikibazo c’ubushomeri bwabaye ndanse, ruswa hamwe n’ibiturire hamwe n’uruhara igihugu ca Uganda gifise mu makungu.

Mu mpari zo mu ncuro ya mbere za politike zabaye, abategetsi bariko barahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu mu gihugu ca Uganda, baragize impari ku vyerekeye niba igihugu ca Uganda gikwiye kubandanya kurungika inteko mu bihugu biri mu ngwano, nko mu gihugu ca Somalia; bongera baharira ku vyerekeye niba igihugu ca Uganda gikwiye kuva muri sentare mpuzamakungu ikwirikirana ivyaha bikomeye.

XS
SM
MD
LG