Uko wahagera

Rwanda: HCR Ihangayikishijwe n'Impunzi z'Abarundi


Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpuzi HCR riratewe umutima uhagaze n’ibiherutse gushikirizwa n’u Rwanda ku bijanye n’impunzi z’abarundi ziri mur’ico gihugu.

Reta y’u Rwanda yashikirije ejo kuwa gatanu ko yipfuza ko impunzi z’Abarundi ziri mur’ico gihugu zimurirwa mu bindi bihugu.

HCR imenyesha ko ivyo u Rwanda rwashyikirijwe bigiye guhungabanya umugambi rwari rwihaye wo gukingira impunzi.

Ibiro vya HCR mu Rwanda vyamenyesheje ko abategetsi ba ONU babonanye n’abategetsi ba guverinoma ejo ku musi wa gatanu. Reta y’u Rwanda rwashikirije HCR ko rubandanya gukingira impunzi kandi ko rutagiye kuzirukana kunguvu.

HCR risaba u Rwanda gutanga ibisobanuro ku mugaragaro mubihe vya vuba kandi rwishure ku bibazo vyavutse bivanye n’ivyo rwashikirije kur’iyo ngingo.

XS
SM
MD
LG