Uko wahagera

OMS: Urukingo rwa Zika Ruzatinda


Ikiza ca ZIKA kirandukira biciye mumibu.
Ikiza ca ZIKA kirandukira biciye mumibu.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, rimenyesha kw’igeragezwa ku bwinshi ry’urucandago rw’ukwirinda umugera wa Zika rigisigaje amezi cumi n’umunani n’imiburiburi.

Umuvugizi w’ishirahamwe OMS, Marie-Paule Kieny yabwiye abamenyeshamakuru ko ishirahamwe OMS ririko ribandanya kwihutira gutora urucandago. Amasosiyete atari make ariko aragira uruhara mu bushakashatsi bw’ugutora urwo rucandago.

Umugera wa Zika wandukira biciye ku mibu ubonwa ko utuma abana bavuka bafise ibibazo mu bwonko.

XS
SM
MD
LG