Uko wahagera

Ikibazo cy'Abimukira I Bulaya Kirahagurukiwe


Inteko mvamakungu zigiye gufasha gukemura ikibazo c’impunzi n’abimukira ku mugabane wa Bulaya.

Ubwato bw’intambara bw’ibihugu rutura vyagiye hamwe mu kwivuna umwansi buri mu nzira bugana mu nyanja yitwa "Egee" gufasha ibihugu vya Turukiya n’Ubugiriki guhagarika urudandazwa rw’impunzi n’abimukira rwabaye ndanse ku mugabane wa Bulaya.

Bubaye ubwa mbere izo nteko zija guhangana n’ikibazo c’impunzi.

Umunyamabanga mukuru w’izo nteko Jens Stoltenberg yamenyesheje ko ubwato bw’intambara butatu burongowe n’Ubudagi bwarungitswe gufasha abasirikare ba Turukiya n’Ubugiriki bagenzura inkengera z’ibiyaga mur’ico gikorwa

Iyo ngingo yo kurungika ubwo bwato yafatiwe mu nama y’abashikiranganji bo kwivuna abansi b’ivyo bihugu iheruka kubera I Buruseli mu Bubirigi.

XS
SM
MD
LG