Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Inzara Irabica Bigacika


Sudani yo mu bumanuko kw'ikarata
Sudani yo mu bumanuko kw'ikarata

Amashirahamwe y’abagiraneza y’ishirahamwe O-N-U aragabisha kw’abantu imiliyoni n’imiliyoni muri Sudani yo mu bumanuko bashobora kugeramirwa n’izara mu gihe ikibazo c’ibifungurwa kibandanya gukomera.

Umuhango wa kazoza keza abantu bari bafise igihe igihugu ca Sudani yo mu bumanuko cikukira mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’2011, warazimanganye inyuma y’ikiringo kirenga imyaka ibiri y’ingwano.

Abantu barenga umuliyoni n’ibihumbi amajana atanu baravuye mu zabo, abandi ibihumbi amajana indwi na mirongo itani bahungira mu bihugu bibanyi na Sudani yo mu manuko.

Vyongeye ishirahamwe O-N-U rimenyesha kw’abantu imiliyoni zibiri n’ibihumbi ajamana umunani muri Sudani yo mu bumanuko, hafi y’ibice mirongo ibiri na bitanu kw’ijana vy’abantu baba muri ico gihugu, bageramiwe n’inzara.

Muribo, abagera ku bihumbi mirongo ine baba mu ntara isinzikajwe n’ingwano ya Unity State, n’ibindi bice bigoye gushikamwo bashobora gusinzikara bikomeye.

Umuvugizi w’ishami ry’ishirahamwe O-N-U ritanga ibifungurwa, P-A-M, Bettina Luescher yawbiye Ijwi rya Amerika kw’abana aribo bageramiwe kurushiriza.

XS
SM
MD
LG