Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abantu bashika ibihumbi mirongo ine bashobora kwicwa n’inzara muri Sudani y’epfo. ONU isaba impande zishamiranye mu ntambara kureka imfashanyo zikinjira mugihugu.
Ishirahamwe rya ONU ryita kunfungurwa n’uburimyi kw’isi FAO ryamenyesheje ejo kuwa mbere ko imiliyoni zibiri n’ibice umunani vy’abantu ziyongereye kubantu bakeneye imfungurwa vyihuta, n’ukuvuga ibice 25 kw’ijana vy’abanyagihugu ba Sudani y’epfo.
Ivyo bitigiri vyavuye muri raporo yasohowe kuri Sudani yepfo, aho ico gihugu kimaze imyaka irenga ibiri muntambara yatumye ibihumbi vy’abanyagihugu bata izabo.
Mugihe imfungurwa zimwe zimaze gushikira abanyagihugu, izindi ziracazibiwe n’abariko bararwana.