Uko wahagera

Koreya Yarungitse Igisasu mu Kirere


Igihugu ca Koreya ya ruguru cararungitse igisasu cya roketi mu kirere bituma amakungu agira amakenga ko coba kiriko kigerageza porogarama yaco ya misile balistike.

Televiziyo ya reta ya Koreya ya Ruguru yamenyesheje ko ico gikorwa co kurungika igisasu cagenze neza cane.

Reta ya Koreya ya ruguru imenyesha ko ico gikorwa atawo cotera ubwoba kuko kiri mu ntumbero y’amahoro.

Ariko amakungu abona ko carungitswe mu kirere hatisunzwe ivyo amakungu asaba bica bituma ko har’iyindi ntumbero Koreya ya Ruguru igamije gushikako.

Inama ya ONU ijejwe umutekano kuwa mungu yarakoranye mu ntumbero yo gufata icemezo kur’uyo mugambi wa Koreya ya ruguru.

Reta zunzu ubumwe z'Amerika ziyamirije ico gikorwa zikaba zaciye zitanguza ibikorwa vyo kugira Koreya ya ruguru ifatirwe ingingo.

XS
SM
MD
LG