Uko wahagera

Bujumbura: Abantu Bane Bishywe ku Musaga


Abapolisi bagenzura umutkano ku Musaga mu kwezi kwa karindwi 2015
Abapolisi bagenzura umutkano ku Musaga mu kwezi kwa karindwi 2015

Abagize ico gitero muri karitiye ya Gikoto bari abantu batatu bitwaje inkoho bose. Ibi ni ivyemezwa na bamwe mu banyagihugu baba hafi y’ahabo bantu bane bagandaguriwe. Abo banyagihugu bemeza kandi ko umwe muribo yari yambaye imymbaro ya gisirikare.

Abishwe bariko bivuna akanyota. Muribo harimwo umwana yiga mu mashure y’intango nk’uko bimenyeshwa n’uwu mukenyezi ari mu bajejwe intwaro muri zone ya Musaga.

Karitiye ya Gikoto ibamwo abanyagihugu bo mu migambwe n’ubwoko bwose. Ariko abajejwe intwaro bemeza ko ubu bwicanyi budafatiye ku mvo za politike canke amoko.

Iruhande y’abo bantu bane bagandaguriwe muri karitiye ya Gikoto mw’ijoro ryo kuruyu wa gatanu, hari uwundi muntu yishwe mu gatondo ko kuruyu wa gatandatu muri karitiye Gitaramuka muri zone Musaga nyene mu bumanuko bwa Bujumbura.

Nyakwigendera yishwe arashwe amasasu abiri mu gikiriza nk’uko twavyiboneye. Uwamwishe yamusanze imuhira iwe. Mu kiringo c’indwi zibiri aho muri zone Musaga hamaze kwica abantu indwi.

Ku muhingamo wo kuruyu wa gatanu naho hari umusirikare yari yiciwe muri zone Cibitoke mu buraruko bwa Bujumbura. Haba ku musaga na Cibitoke, abantu batari bake bafashwe kubw’imvo z’amatohoza. Bamwe muribo barekuwe kuruyu wa gatandatu nyene.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:00 0:00

XS
SM
MD
LG